Ndikorey’ umusaraba
Indirimbo ya 133 muri Cantiques Kirundi
1. Ndikorey’ umusaraba,
Ngukurikire Yesu,
Ndi ruhebga. ndagayitse,
Yamar' uzomber' itunga.
Amasakramentu:
Yesu Mucunguzi wanje,
Watanz' ubugingo bgawe,
Ni wantabara nzokwama
Ndakwemangira Mukiza.
2. Icubahiro n' itunga,
Ni vyo namye ndondera,
Ndabigaye, ndabihevye,
Ndons' itunga ryo mw ijuru.
3. Kand' ab’isi ni bampeba
Yesu, baraguhevye,
Bo barahemana gusa:
Si k'umez' ur' uw' ukuri.
4. Abantu naho bampama .
Bansunikir' iy' uri,
Ubu bugingo bgo mw isi
Reka ndabgihanganire.
5. Noronk’urukundo rwawe
Nta kindi norondera.
Ibinnezereza vy' isi
Sinzobironder' ukundi.