Nahabiye kure yawe
Indirimbo ya 130 muri Cantiques Kirundi
1. Nahabiye kure yawe,
Ndahabuts' ubu;
Natevye cane mu vyaha:
Mwami nyakira.
Amasakramentu:
Nj' ah' uri nihannye,
Singisubira;
Nteg' ibiganza vyawe
Mwami nyakira.
2. Napfapfany' imyaka myinshi,
Ndahabuts' ubu;
Ndakwitwayeko nihannye:
Mwami nyakira.
3. Ivyaha birandambiye,
Ndahabuts,' ubu;
Nishimiy' ubuntu bgawe:
Mwami nyakira.
4. Numva ndwaye mu mutima,
Ndahabuts' ubu;
Mvur' unsubizemw' intege:
Mwami nyakira.