Nta co mfise nireguza
Indirimbo ya 128 muri Cantiques Kirundi
1. Nta co mfise nireguza
Atar‘uko wampfiriye,
Kandi yuko wampamagaye:
Mucunguzi, nditavye.
2. Gukekeranya ni kwinshi,
Mbabazwa cane Mukiza,
N'intambara yo mu mutima;
Mucunguzi, nditavye.
3. Sintinyuka no kugeza
Kwikurakw‘ ibinyanduje,
Nizigiy' amaraso yawe;
Mucunguzi, nditavye.
4. Naho nd' umworo nd'impumyi,
Ni wew‘ump' itunga ryawe
Ukampumur' ukampimbara;
Mucunguzi, nditavye.
5. Uranyakira nanduye,
Uranyoz' uramparira;
Kuko nizey' isezerano
Ryawe Yesu, nditavye.
6. Urukundo rwawe rwinshi
Runkuyekw ivyantebeje,
Ndakunze kub' uwawe rwose;
Mucunguzi, nditavye.
7. Urwo rukundo mmeny' ubu
Rwanyujuje n'Uhoraho,
Nshikir' ungab' unyiganzire;
Mukiza, ndishikanye.