Uyu musi narons' indirimbo nziza
Indirimbo ya 122 muri Cantiques Kirundi
1. Uyu musi narons' indirimbo nziza,
Yuzuye mu mutima wanje,
Ndanezerwa cane ndatazir’Imana,
Kukw’ari y'impay' amahoro.
Amasakramentu:
Yesu, mp'amahoro,
Ya yand' ava ku Mana nyene,
Anyuzure mu mutim' imyaka yose,
Naman’ urukundo rw' Imana.
2. Amahoro nahawe na Yes' Umwami,
Ndayazigamye ku mutima,
Naho hogir' abanyag' ayo mahoro,
Sinzopfa ndayahevye na mba.
3. None ndaruhutse neza ku mutima,
Kuko Yes'ari w' anzigama,
Arandind'ivyangora kand'ivyantsinda,
Ku mutima har' amahoro.
4. Umusi Yesu yatujanye mw ijuru,
Tuzomubon’ Imana yacu,
Turirimb' indirimbo zo kumushima,
Tuzogir’akanyamuneza.
5. Mbega none wewe wabuz' amahoro,
Ujany' inzira ya Satani,
N'uze, Yes' arakugirir' ikigongwe,
Uc'uronk'amahoro nawe.