Kera naremetse Yes' ibingoye
Indirimbo ya 118 muri Cantiques Kirundi
1. Kera naremetse Yes' ibingoye,
Namukorey' ivyaha vyantsinze,
Hamwe namubon' ari ku giti,
Mmenya yukw ari jew' abambiwe:
Numv' andemuruye ndanezerwa,
Ndashima: Nta mutwaro ngira
Nduhuwe n'Umukiza.
2. Na none vyose ndabimuremeka,
Amaririkany' ibimbabaza,
Kandi kubgo kugir' intege nke
Ndamwishimikiza kw akomeye,
Iy’amwenyuye nshir’amarira,
Ndashima: Nta mutwaro ngira
Nduhuwe n'Umukiza.
3. Nzama ndabimuremeka na ntaryo:
lyo mmwizeye nta combabaza,
Azoshits' ivyo mmwishimiyeko,
Kukw ari Yesu gus' anduhura.
Turi kumwe mba ndi mw ijuru pe,
Ndashima: Nta mutwaro ngira
Nduhuwe n' Umukiza.
4. Ubiremeke Yesu naw' urushe!
Mushire vyose ntubicagure.
Nah' ari we
Rurem' ahambaye
Arakugomba naw' ugayitse,
Yaguhay' ikibanza mw’ijuru,
Tahayo: Nta mutwar’ugir’
Uruhuwe n'Umukiza.