Ndons' incuti nziza cane
Indirimbo ya 115 muri Cantiques Kirundi
1. Ndons' incuti nziza cane,
Yarankunze ntayizi,
Yamfatishij' umugozi
Ni wo rukundo rwayo:
Nkund' izo ngoyi zangize
Imbohe y'Umukiza;
Nd’uwiwe, na we n'uwanje,
Gushits' ibihe vyose.
2. Ndons' incuti nziza cane,
Yamviriy' amaraso,
Yanyiguz' amp' ubugingo,
Na we yaranyihaye.
None singishing' icuma ;
Ku bintu vyanje vyose,
Ivyanje na jew' ubganje,
N'ivy' Umukiza wanje.
3. Ndons' incuti nziza cane,
Nyen' ububasha bgose;
Ni w'anzigama mu nzira
Ndiko ndaja mw ijuru.
Nkiri mur' ubu bugingo
Nzokwama ngavye cane,
Nshiz' ubgoba mu ntambara,
Ngo nze nduhukireyo.
4. Ndons' incuti nziza cane
N'umujanama wanje,
Andongor’aho nja hose,
Andind' Umwansi wanje.
Nta rupfu cank' ubugingo,
Cank' abamarayika,
Nta biriho nta bizoza
Vyontandukanya na we.