Ndazi ko Yes' ankunda
Indirimbo ya 112 muri Cantiques Kirundi
1. Ndazi ko Yes' ankunda,
Vyanditswe mu gitabo,
Nd' uwo mu bana biwe,
Kand' arambungabunga.
Amasakramentu:
Yes' arankunda, Yes' arankunda,
Yes' arankunda, N' Umukiza wanje.
2. Naho ngayitse rwose
Ntiyaretse kunkunda,
Yampfiriye ku giti
Ngo nze nkurwekw ivyaha.
3. Kand' amaze kumpfira
Yaciy' anjishurira
Ikirimba c' ijuru
Ngo mbone gushikayo.
4. Na ntary' angenda hafi
Mu nzir‘ija mw‘ ijuru,
Kuko yampfiriy' artyo,
Naramwishikaniye.