Kera nari mw ishayo
Indirimbo ya 103 muri Cantiques Kirundi
1. Kera nari mw ishayo
Y'ivyaha, ngira ngo
Nd' uw’ Imana, hanyuma
Nsanga ndiko ndibesha.
Amasakramentu:
Imana yanje; Yarandokoye,
Ubu ni yo ndirimba; Kuko nnezerewe.
2. Maz' Iman' irandaba
Ndi mur’ ivyo bibi,
Iti Ngo mwana wanje,
Ngutabare ngukize.
3. Ituma Mpwemu Yera
Mu mutima wanje.
Mbona ko nacumuye,
Nca ndihan' arankiza.
4. Ndagushima Mukiza,
Yuk' umwana wawe
Utandetse ngo nze mpfe
Nkiri mu vyaha vyanje.
5. Rek’ ubu nkuj' inyuma,
Nta wundi nkigomba,
Ubu ndakwihereje,
Ungab' unyiganzire.
6. Nakoreye Satani,
Nta ciza yampaye,
Yohavuy' amp' urupfu,
We ni yo nger' atanga.
7. Ariko weho Mwami,
Ingabire yawe
Ndazi kw ar' ubugingo
Buva mu rupfu rwawe.